|
|
|
|
|
Uwo mwigisha ni uwo kw’ishure nshingiro rya Munyu, muri komine Ndava y’intara ya Mwaro. Apfungiwe mu gasho ka komisariya y’ igipolisi c’ intara ya Mwaro kuva kuri uwu wa gatatu.
Intandaro ya vyose ngo yatabuye icegeranyo c’abahuza bo ku mutumba Ngoro w’iyo komine ari na ho asanzwe aba. Ico cegeranyo kikaba cavugwamwo ihadabu y’ ibihumbi ijana urwo rwego rwari rwamuciye kubera gutuka abarongoye uwo mutumba.
Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko yari incuro y’indwi atuka uwurongoye uwo mutumba.
Marie nkurunziza umwe mu bahuza bo kuri uwo mutumba asaba ababakurira kububahiriza, bareke kubakengera kugira bashobore gukora neza akazi batorewe.
Kubwa Thomas Ntukamazina arongoye sentare nkuru y’igihugu ya Mwaro, abenegihugu bategerezwa kwubaha urwo rwego bakunguruza imanza babaciriye iyo batazishimye mu mutekano.
Yibutsa ko ari urwego rwashizweho mu ntumbero y’ukugabanya imanza mu ma sentare.
|
|
|
|
|
|
|
|
Abaganga bo kubitaro bikuru vya Rumonge basabwa kutivanga mu vya politique
- vendredi
14 avril 2023
Ivyo buramatari wa Rumonge yabishikirije mu nama yagirishije kur’uyu wa gatanu 14/04/2023 abakozi bo kuri ivyo bitaro. Léonard Niyonsaba avuga ko bimwe mu bibazo vyaciye kuri ivyo bitaro bigatuma haba aba abakozi babiri bapfungwa, umuganga hamwe n’umushoferi, vyoba bifitaniye isano na bamwe mu baganga bakoreshwa n’abanyepolitique.
Aho buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abaganga bo kuri ivyo bitaro kuvavanura n’iyo ngendo mbi ahubwo bakore bisunze akarangamutima kumwuga bakora.
Kuri (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|
|
Abanyagihugu b’i Muhuta bagiye kuronswa amazi meza n’ umuyagankuba
- vendredi
14 avril 2023
Abo banyagihugu bahora bafise ikibazo c’ amazi meza ni abo mu ma zone ya Busenge na Gitaza. Ni muri komine Muhuta intara ya Rumonge.
Ikibazo kijanye n’ ubukene bw’ amazi meza ni kimwe mu vyabajijwe buramatari w’ intara ya Rumonge. Ni mu rugendo yagize muri iyo komine kuri uwu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba basigura ko ubwo bukene buri mu bituma hibonekeza ingwara zifatiye kw’ isuku rike.
Musitanteri w’ imfatakibanza w’ iyo komine arizeza abo banyagihugu ko bagiye kuronswa ayo mazi. Asigura ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
Imyiteguro ku bazokora ikibazo ca Leta irabandanya.
- vendredi
14 avril 2023
Abarongoye amashure yo mu gisagara ca Rumonge barashima ingene abigisha bo mu myaka izokora ibibazo vya leta bariko baritanga kugira abanyeshure bazokore ibibazo birangiza ishure shingiro barahejeje ivyigwa kandi biteguye neza.
Ku mashure shingiro Mugomere ya kabiri, Rumonge ya kabiri, abanyeshure bo mu mwaka wicenda bariko bariga. Kw’ ishure ryisumbuye Urbain Rumonge, abanyeshure bagumye biga kuva bagihejeje ibibazo vy’igice ca kabiri c’ umwaka w’ ishure.
Bamwe muri abo bayobozi bagasaba ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|