Bayern Munich yatsinze

Bayern Munich yatsinze Hoffenheim Ibitsindo 6-0 mu minota 62 ya mbere m’urukino rwariko rurabahuza muri Bundesliga ihiganwa rikuru ry’ubudagi ariko ico sico kintu gikuru caranze urukino. Ahubwo Igikuru ni iki:

Inyuma yaho bamwe mu bafana ba Bayern Munich batanguye gutuka umu bossi wa Hoffenheim Dietmar Hoop, Abakinyi ba Bayern Munich naba Hoffenheim baciye bahagarika gukina urukino rugeze k’umunota wa 78 nkuko Bayern Munich ubwayo yavyanditse.

Abo bakinyi uko ari 22, baciye bahagarika gukina, baca batangura guherezanya ama pasi hagati yabo gushika urukino rurangiye.

Ifirimbi ya nyuma ivugijwe, abo bakinyi biyo migwi yompi baciye bishira hamwe bakoma amashi mu rwego rwo gushigikira uwo mubossi wa Hoffenheim yariko aratukwa.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *