|
|
Mu Rumonge abahuza bo ku mitumba barasaba kuronswa ibikoresho bimwe bimwe
Impuzu zirinda imvura, udusakoshe two gutwaramwo ibikoresho bimwe bimwe nk’ impapuro n’ ibindi, ni vyo bamwe mu bahuza bavuga ko bakeneye kugira ngo bashobore gukora ibikorwa vyabo neza.
Inyuma y’ amezi atandatu bamaze bakora ico gikorwa, basigura ko bishika rimwe rimwe bagashikira mu matati mu mihana. Bagasigura ko biva ku kuntu basanga ata co basize muhira, abana n’ umuryango bakarara ubusa.
Abo mu ma karitye yo mu gisagara ca Rumonge no ku mitumba imwe imwe basaba ko Leta yobiyumvirako (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|
Abaganga bo kubitaro bikuru vya Rumonge basabwa kutivanga mu vya politique
- vendredi
14 avril 2023
Ivyo buramatari wa Rumonge yabishikirije mu nama yagirishije kur’uyu wa gatanu 14/04/2023 abakozi bo kuri ivyo bitaro. Léonard Niyonsaba avuga ko bimwe mu bibazo vyaciye kuri ivyo bitaro bigatuma haba aba abakozi babiri bapfungwa, umuganga hamwe n’umushoferi, vyoba bifitaniye isano na bamwe mu baganga bakoreshwa n’abanyepolitique.
Aho buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abaganga bo kuri ivyo bitaro kuvavanura n’iyo ngendo mbi ahubwo bakore bisunze akarangamutima kumwuga bakora.
Kuri (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|
|
Abanyagihugu b’i Muhuta bagiye kuronswa amazi meza n’ umuyagankuba
- vendredi
14 avril 2023
Abo banyagihugu bahora bafise ikibazo c’ amazi meza ni abo mu ma zone ya Busenge na Gitaza. Ni muri komine Muhuta intara ya Rumonge.
Ikibazo kijanye n’ ubukene bw’ amazi meza ni kimwe mu vyabajijwe buramatari w’ intara ya Rumonge. Ni mu rugendo yagize muri iyo komine kuri uwu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba basigura ko ubwo bukene buri mu bituma hibonekeza ingwara zifatiye kw’ isuku rike.
Musitanteri w’ imfatakibanza w’ iyo komine arizeza abo banyagihugu ko bagiye kuronswa ayo mazi. Asigura ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
Imyiteguro ku bazokora ikibazo ca Leta irabandanya.
- vendredi
14 avril 2023
Abarongoye amashure yo mu gisagara ca Rumonge barashima ingene abigisha bo mu myaka izokora ibibazo vya leta bariko baritanga kugira abanyeshure bazokore ibibazo birangiza ishure shingiro barahejeje ivyigwa kandi biteguye neza.
Ku mashure shingiro Mugomere ya kabiri, Rumonge ya kabiri, abanyeshure bo mu mwaka wicenda bariko bariga. Kw’ ishure ryisumbuye Urbain Rumonge, abanyeshure bagumye biga kuva bagihejeje ibibazo vy’igice ca kabiri c’ umwaka w’ ishure.
Bamwe muri abo bayobozi bagasaba ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|