UMWIMBU W’UMUCIRI NTUZOGENDA NEZA MUGATAKWA MURI ZONE KIGZWENA.

Abarimyi b’umuceri barimira mukiyaya caho bita Mugatakwa muri Zone Kigwena, Commune Rumonge n’intara ya Rumonge bamenyeshako umwimbu w’umuceri uno mwaka wagenze nabi ugereranije n’umwimbu baronse mumwaka uheze, Abo barimyi bamenyesha kandi ko iryo gabanuka ry’umwimbu ryoba ryaturutse kumvura Nyishi.

Iryo gabanuka ry’umwimbu muri ako karere riremezwa kandi na Abel Ndayishimiye umuyobozi W’ibiro vy’ibidukikije , uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Rumonge.

Abel Ndayishimiye amenyeshako kwi hectari 1 mumwaka uheze baronka Itoni 5 Z’umuceri Murico kiyaya, ariko unomwaka bakaba biteze itoni 2 n’igice.

Uretse uwo Mwimbu Muke ico kiyaya gisanzwe gihanzwe n’imyuzurira y’amazi yavuye kw’iduga ry’ikiyaga ca Tanganyika

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *