Ecoutez Izere FM en Live
 
Mu Rumonge abahuza bo ku mitumba barasaba kuronswa ibikoresho bimwe bimwe

Impuzu zirinda imvura, udusakoshe two gutwaramwo ibikoresho bimwe bimwe nk’ impapuro n’ ibindi, ni vyo bamwe mu bahuza bavuga ko bakeneye kugira ngo bashobore gukora ibikorwa vyabo neza.
Inyuma y’ amezi atandatu bamaze bakora ico gikorwa, basigura ko bishika rimwe rimwe bagashikira mu matati mu mihana. Bagasigura ko biva ku kuntu basanga ata co basize muhira, abana n’ umuryango bakarara ubusa.
Abo mu ma karitye yo mu gisagara ca Rumonge no ku mitumba imwe imwe basaba ko Leta yobiyumvirako (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Abaganga bo kubitaro bikuru vya Rumonge basabwa kutivanga mu vya politique - vendredi 14 avril 2023

Ivyo buramatari wa Rumonge yabishikirije mu nama yagirishije kur’uyu wa gatanu 14/04/2023 abakozi bo kuri ivyo bitaro. Léonard Niyonsaba avuga ko bimwe mu bibazo vyaciye kuri ivyo bitaro bigatuma haba aba abakozi babiri bapfungwa, umuganga hamwe n’umushoferi, vyoba bifitaniye isano na bamwe mu baganga bakoreshwa n’abanyepolitique.
Aho buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abaganga bo kuri ivyo bitaro kuvavanura n’iyo ngendo mbi ahubwo bakore bisunze akarangamutima kumwuga bakora.
Kuri (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Itegeko rishasha rigenga igisata c’ ingenzi rigiye gushirwaho. - vendredi 14 avril 2023

Kuri uwu wa gatatu ni ho ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ingenzi bwatunganya inama ku begwa n’abahinga muri ico gisata, mu ntumbero yo kwigira hamwe ukuntu hoba integuro y’itegeko rigenga igisata c’ingenzi mu Burundi.
Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’ico gisata avuga ko ico gisata ari kimwe mu vyategerezwa kwinjiza amafaranga y’agaciro mu Burundi, ariko ko bidakunda kubera kidatunganijwe neza.
Akamenyesha ko mu gihe hokwemezwa iyo nteguro y’itegeko y’umugambi w’igihugu wo (...)

Lire tout...

Mu Kayanza abarimyi b’ikawa basaba ko igiciro gitangwa na reta co kwisununura - vendredi 14 avril 2023

Bamwe mu barimyi b’ikawa bashorera ku matonorero ya Katamba na Kirema yo muri komine Kayanza bayaze na radiyo Izere-Fm , bamenyesha ko amafaranga 800 bahabwa ku kilo c’ikawa z’ibiturumbwe ari gito cane .
Bakabivuga bagereranije n’ibiciro vy’ibindi vya nkenerwa muri kino gihe vyaduze ku rugero rutari rumenyerewe. Bagasaba rero ko igiciro c’ico giterwa njabukamazi na co coduzwa kugira abarimyi na bo bahatorere akoyokwe. Aba n’abandi rero bakabona ko n’imiburiburi , ikiro cogurwa amafara 2000. (...)

Lire tout...

Igihugu kigiye guhabwa ingurane y’ imiriyoni zirenga 260 z’amadorari y’ Abanyamerika - vendredi 14 avril 2023

Ikigega mpuzamakungu FMI kigiye gushigikira Uburundi kugira ngo ubutunzi buzamuke, n’amadeni agabanuke. Ayo makuru akaba yemezwa na FMI hamwe n’ ibanki nkuru y’ igihugu BRB.
Ivyo ni ivyavuye mu masezerano hagati y’ico kigega n’ibanki y’igihugu BRB, amasezerano yashitsweko mu manama yahuze izo mpande zose biciye ku buhinga ngurukanabumenyi kuva kuwa 22 ruhuhuma kugeza kuwa 6 ndamukiza uwu mwaka.
Iyo ngurane y’amadorari y’ Abanyamerika imiriyoni 261,7 Uburundi bukaba buzoyasubiza mu kiringo (...)

Lire tout...

 
 
 
 
 
 
Abenegihugu basabwa kwitegurira ikiringo c’amezi atatu c’iyugarwa ry’ikiyaga Tanganyika. - vendredi 14 avril 2023

Ako ni akamo Buramatari w’intara ya Rumonge Léonard Niyonsaba yateye abenegihugu bo muri zone Bugarama na Magara komine Bugarama intara ya #Rumonge mu nama yagiranye nabo kuri uyu wa kabiri.
Aho yabivuze inyuma yaho abo benegihugu berekaniye impungenge bafise ku ngingo yo kwugara ikiyaga Tanganyika amezi atatu yimirije gufatwa mu kwezi kwa Rusama, bakabivuga bafatiye ko abenshi batunzwe n’ico kiyaga.
Muri iyo nama abo benegihugu barabajije kandi ikibazo kijanye n’abantu bihagira amatongo ya (...)

Lire tout...

Mu Rumonge imvura yarononye ibintu - vendredi 14 avril 2023

Iyo mvura yononye ibintu yaguye mw’ijoro ryo kuwa kabiri buca ari uyu wagatatu. Muvyononekaye harimwo nzu 40 , zigizwe n’inzu cumi n’indwi amabati yagurutse ku mutumba Mugomere aho n’ibirase 3 vyo kw’ishure ryisumbuye Urbain vyasambutse.
Izindi nzu 23 zarahitanywe niyo mvura ku mutumba Gihwanya hiyongerako inkingi zitatu zifata itsinga z’amatara ya #Regideso hamwe n’imirima igizwe n’ibiterwa bitandukanye, nkuko biri muvyeranyo bitangwa n’abarongoye iyo mitumba uko ari ibiri.
Abanyagihugu bahuye (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Abanyagihugu b’i Muhuta bagiye kuronswa amazi meza n’ umuyagankuba - vendredi 14 avril 2023

Abo banyagihugu bahora bafise ikibazo c’ amazi meza ni abo mu ma zone ya Busenge na Gitaza. Ni muri komine Muhuta intara ya Rumonge.
Ikibazo kijanye n’ ubukene bw’ amazi meza ni kimwe mu vyabajijwe buramatari w’ intara ya Rumonge. Ni mu rugendo yagize muri iyo komine kuri uwu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba basigura ko ubwo bukene buri mu bituma hibonekeza ingwara zifatiye kw’ isuku rike.
Musitanteri w’ imfatakibanza w’ iyo komine arizeza abo banyagihugu ko bagiye kuronswa ayo mazi. Asigura ko (...)

Lire tout...

 
 
 
 
 
Mu Rumonge uwagirizwa kubeshera umukuru w’umutumba yahanywe - vendredi 14 avril 2023

Umunyororo w’ amezi atandatu ni co gihano sentare nkuru y’ igihugu ya Rumonge Province yahanishije Donatien Ntahidasuka.
Uwo mugabo aturuka ku mutumba #Magara muri komine Bugarama, intara ya Rumonge.
Yagiriwe n’ icaha co kubeshera umukuru w’ umutumba. Hari mu ntahe y’ ikibiriraho yo kuri uwu wa gatanu.
Mu nama ya buramatari yabaye kuri uwu wa kabiri w’ iyi ndwi, Donatien yavuze ko umukuru w’ umutumba ko yasavye umuvyeyi wiwe kumuha akadobo kamwe kamwe mu mfashanyo yari yaronse.
Uwo (...)

Lire tout...

I Mwaro hari umwigisha apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi - vendredi 14 avril 2023

Uwo mwigisha ni uwo kw’ishure nshingiro rya Munyu, muri komine Ndava y’intara ya Mwaro. Apfungiwe mu gasho ka komisariya y’ igipolisi c’ intara ya Mwaro kuva kuri uwu wa gatatu.
Intandaro ya vyose ngo yatabuye icegeranyo c’abahuza bo ku mutumba Ngoro w’iyo komine ari na ho asanzwe aba. Ico cegeranyo kikaba cavugwamwo ihadabu y’ ibihumbi ijana urwo rwego rwari rwamuciye kubera gutuka abarongoye uwo mutumba.
Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko yari incuro y’indwi atuka uwurongoye uwo mutumba. (...)

Lire tout...

Rumonge-Bamwe mu bapangishije amazu yahora adandarizwamwo ibinyobwa vya Brarudi yugawe baridoga - vendredi 14 avril 2023

Abo bidoga ni bamwe mu bafise amazu yugawe inyuma y’ aho abayadandarizamwo ibinyobwa vya #Brarudi bafatiwe ingingo yo kwugarirwa ubwo bunywero. Bugariwe inyuma yo kurenza ibiciro vyashinzwe na leta.
Bene ayo mazu bakaba basigura ko bariko bararenganywa. Bavuga ko badatahura ukuntu bokwugarirwa amazu mu gihe atari bo bakoze icaha. Bakabona ko bariko bararenganywa.
Basaba ko ayo mazu yabo yokwugururwa, bakayaranguriramwo ibindi canke bakayakotesha ku bandi.
Iyo ngingo yo kwugara ayo mazu (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Bariko bariyungunganya biciye mu turima two mu kigo - vendredi 14 avril 2023

Abo ni abenegihugu bahuye n’imyuzurira y’ikiyaga Tanganyika baheruka kwimurirwa ku mutumba wa Mutambara bamenyesha ko babayeho neza bagereranije n’ubuzima barimwo mu kigo ca Semina.
Ngo muri kino gihe bararonka aho barima irengarenga, ibijumbu, ibitoke n’ibindi gutyo bagafungura neza.
Nubwo biruko, ngo barahanzwe n’ikibazo c’umuyagankuba, ibitaro biri kure cane hamwe no kubura amashure abana babo bigako aho benshi muri bo biga hagati mu gisagara ca Rumonge.
Basaba reta kubandanya ibiyumvirako (...)

Lire tout...

Komine Rumonge itegekanya kubaka isoko ya kijambere igeretse kabiri - vendredi 14 avril 2023

Nk’ uko bimenyeshwa na Augustin Minani musitanteri wa komine Rumonge, isoko ya kijambere igeretse kabiri ni yo izokubwakwa mu mwaka wa 2024 ushira uwa 2025.
Augustin Minani amenyesha ko ivyo ari ivyizwe mu nama ya komine Rumonge, akavuga ko ivyigwa biri mugutangura kugira biheze, komine ice itangurura uwo mugambi wo kwagura isoko.
Mu kurindira, Augustin Minani ahamagarira abadandaza bakorera muri iyo soko kwandira mu bibanza bahawe na komine, bakirinda kwandira mu mabarabara kuko ari (...)

Lire tout...

 
 
 
 
 
Imyiteguro ku bazokora ikibazo ca Leta irabandanya. - vendredi 14 avril 2023

Abarongoye amashure yo mu gisagara ca Rumonge barashima ingene abigisha bo mu myaka izokora ibibazo vya leta bariko baritanga kugira abanyeshure bazokore ibibazo birangiza ishure shingiro barahejeje ivyigwa kandi biteguye neza.
Ku mashure shingiro Mugomere ya kabiri, Rumonge ya kabiri, abanyeshure bo mu mwaka wicenda bariko bariga. Kw’ ishure ryisumbuye Urbain Rumonge, abanyeshure bagumye biga kuva bagihejeje ibibazo vy’igice ca kabiri c’ umwaka w’ ishure.
Bamwe muri abo bayobozi bagasaba ko (...)

Lire tout...

 
 
 
 
 
 
 
 
 
Radio Izere Fm igiye gutanguza ihiganwa yitiriye IzereFm Burunga Football Cup - vendredi 14 avril 2023

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 02 Ndamukiza mu ntara ya Bururi Radio Izere Fm yaramenyesheje icese ko itanguje ibikorwa vy’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu karere k’ubumanuko kagizwe n’intara zine intara ya Rumonge, Bururi, Rutana na Makamba.
Gaspard Ndikumazambo, Umuyobozi mukuru wa Radio Izere Fm avuga ko iryo higanwa baritunganije mu ntumbero yo gufata iya mbere mu gutsimbataza ubumwe mu benegihugu bo muri izo ntara zo mu bumanuko, na cane cane bafatiye kw’itegeko Umukuru w’Igihugu (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Gusoma ibitabo n’ukwimenyereza kuvyandika birongereza ubumenyi bw’abanyeshure - samedi 15 avril 2023

Vyavugiwe kuri uwu wa 13 Ndamukiza mu kigo ca kaminuza y ’u Burundi igihe hariko herekanwa hongera hatangwa ibitabo vyanditswe n’abanyeshure bo mu ma kaminuza atandukanye mw’ihiganwa ritunganywa na kaminuza y’Uburundi bita "Prix Littéraire Rumuri".
UmwigemeAr melle Jade Icitegetse amaze gutahukana agashimwe kitiriwe Rumuri avuga ko vyatumye amenyekana gutyo imiryango iruguruka aronka n’ akandi kazi, agatera akamo abandi kudatinya amahiganwa ayo ari yo yose.
Joseph Butoyi, arongoye ishirahamwe (...)

Lire tout...

 
 
 
 
Fabrice Nkurunziza yatowe kur’uwu wa mbere igenekerezo rya 10 ndamukiza 2023 ngo abe icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka - mardi 11 avril 2023

Fabrice Nkurunziza umukenguzamateka wo mu bwoko bw’abatutsi yatowe mu ntara ya Rutana niwe yatowe n’inamankenguzamateka mu kibanza c’icegera ca kac’umukuru w’inama nkenguzamateka.
Fabrice Nkurunziza asubiriye Nshimirimana Cyriaque umututsi yatowe mu ntara ya Ruyigi aheruka gutanga imihoho.
Abo bose uko ari babiri basanzwe bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD.
Fabrice Nkurunziza akaba yatanzwe n’umugambwe CNDD-FDD kugira yemezwe n’inama nkenguzamateka muri ico kibanza.
Cyriaque Nshimirimana yatanze (...)

Lire tout...

Intahe yo ku mugina ifise umurimo nyamukuru w’ukwumvikanisha abafitaniye amatati - mardi 11 avril 2023

Ivyo biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 1/03 ryo kuwa 23 nzero 2021 ryunganira ingingo z’igitabu c’amategeko agenga itohoza n’iburanishwa ry’imanza z’amatati, ryerekeye ukunagura Intahe yo ku mugina.
Iyo ntahe yo ku mugina igizwe n’ abantu 15 bitwa « abahuza bo ku mutumba » kandi amabanga yabo ntagira ikiringo arangirirako ariko uwuri mu bagize intahe yo ku mugina arashobora gutakaza ayo mabanga mu gihe akoze amakosha ahambaye mu kurangura amabanga ashinzwe ariko bikemezwa n’intahe yo ku (...)

Lire tout...

Hari umukenyezi yarakomerekejwe n’umuhungu wiwe. - mardi 11 avril 2023

Hari umuvyeyi yakomerekejwe, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9/04/2023 wa Pasika, n’umuhungu wiwe amujemye agafuni mu mutwe.
Vyabereye ku mutumba Rukinga mu gacimbiri ka Nyakara mu gisagara ca Rumonge.
Mbonihankuye Hassani yari yaborewe, ngo bikaba vyaturutse ku matati bafitaniye nkuko amakuru ava mur’ako gacimbiri bivuga.
Ayo makuru nyene avuga ko ingorane zatanguriye munzu y’uwo muhungu aho yashitse bwije atangura gusaba amahera umugore wiwe. Umugore nawe agasigurako ata mahera yari (...)

Lire tout...

 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
     
     
Copy Right Izere FM 2023, Tous Droits Réservés  
Designed and Hosted by Burundi Net